Uko wahagera

Abiyahuzi Bishe Abashika 25 muri Afuganistani


Abajejwe umutekano ba Afuganistani bari ahabereye igitero c'umwiyahuzi muri Gardez, mu ntara ya Paktia itariki 18/06/2017.
Abajejwe umutekano ba Afuganistani bari ahabereye igitero c'umwiyahuzi muri Gardez, mu ntara ya Paktia itariki 18/06/2017.

Ibitero vy’abiyahuzi bibiri vyakozwe mu musigiti w’Abayisilamu bo mu bwoko bw’Aba Shiite vyahitanye abantu bashika 25 bariko barasenga, bikomeretsa abandi barenga 70 muri Afghanistani.

Abo bagizi ba nabi binjiye mu musigiti w’i Gardez, umurwa mukuru w’intara ya Paktia iri mu buseruko bw’igihugu, hanyuma babacucagiramwo amasasu imbere yuko biturikizako bombe bari bambariyeko, nkuko bishikirizwa n’umukuru w’igiporisi muri iyo ntara, Raz Mohammad Mandozai.

Nta muhari n’umwe uriyitirira ico gitero cabereye hafi y’urubibe na pakistani.

Haruhande y’ivyo, abasirikare ba Afghanistani b’inseruka rukamvye bagavye igitero kw’ibohero ry’Abarwanyi b’Abatalibani mu bumanuko bw’intara ya Helmand babohoza abanyororo 61.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG