Uko wahagera

Mali mu Gice ca Kabiri c'Amatora


Perezida wa Mali, Ibrahim Boubacar Keita (hagati) avugana n'umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Soumaila Cisse (ibubamfu).
Perezida wa Mali, Ibrahim Boubacar Keita (hagati) avugana n'umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Soumaila Cisse (ibubamfu).

Perezida asanzwe ari ku butegetsi muri Mali, Ibrahim Boubacar Keita azohiganwa na Soumaila Cisse wo mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi mu gice ca kabiri c’amatora mu kwezi kwa munani, itariki 12. Ivyo vyatangajwe n’umushikranganji w’intwaro mu gihugu ku musi wa kane.

Mu matora yabaye kw'itariki 29 z'ukwezi kw'indwi, Keita yatahukanye amajwi 41.42 kw’ijana, nawe Cisse atahukana amajwi 17.80 kw’ijana mu biharuro vy’imfatakibanza. Nta n’umwe yabashije gushikana amajwi 51 kugira yemerwe ko yatsinze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG