Uko wahagera

Igitero Cahitanye Abanyamerika babiri muri Tajikistani


Ahagongewe abanyamahanga bariko bagendesha amakinga.
Ahagongewe abanyamahanga bariko bagendesha amakinga.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wemanze ko ariwo wagavye igitero ku banyaburaya bari ku makinga ku musi w’Imana muri Tajikistani.

Abanyamahanga bane bari ku makinga, barimwo Abanyamerika babiri, barishwe bagonzwe n’imodoka, mu nyuma abagabo batari bake bava muri iyo modokari babona gucumita n’imbugita abo bagonze.

Umusuwisi hamwe n’Umuholande bari mu bishwe, abandi bantu batatu barakomereka barimwo umukerarugendo w’Umufaransa.

Umushikiranganji wa Tajikistani ajejwe intwaro mu gihugu hagati yavuze ko igiporisi cakurikiranye congera cica bane mu bagavye ico gitero, bafata uwundi umwe.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu uvuga ko abasirikare bawo bishe abanyagihugu b’ibihugu biri mu runani mpuzamakungu ruri rugamba rwo kurwanya iterabwoba kw’isi.

Ariko umushikiranganji Ramazon Rakhimzoda yavuze ko bitaramenyekana nimba cari igitero c’iterabwoba canke bwari ubusuma busanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG