Uko wahagera

Museveni muri Manda ya Gatandatu


Perezuda Yoweli Museveni w'Ubuganda ari mu nama ya 30 y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ubumwe bw'Afrika i Addis Abeba, Etiyopiya, itariki ya 28/01/2018.
Perezuda Yoweli Museveni w'Ubuganda ari mu nama ya 30 y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ubumwe bw'Afrika i Addis Abeba, Etiyopiya, itariki ya 28/01/2018.

Ubutungane muri Uganda kuri uyu wa kane bwahaye uburengenzira Perezida Yoweri Museveni, w’imyaka 73, bwo kwitoza mu kiringo kigira gatandatu mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka w’2021.

Mu kwezi kwa mbere, umukuru w’igihugu c’Ubuganda yaratangaje itegeko rikuraho imyaka 75 umukuru w’igihugu adakwiye kuba arenza kugira yemererwe kwitoza, bituma abatavuga rumwe nawe bamwagiriza ko agomba kwigumiza ku butegetsi.

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi rwaciye rwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Perezida Museveni agifata ubutegetsi mu mwaka w’1986, yashikirije ko abategetsi bamara igihe kirekire ku butegetsi aribo batera imivumo Afrika, ariko igihe yitoza mu kiringo ca gatanu mu mwaka w’2016, yatangaje ko igihe ciwe co kuva ku butegetsi kitarashika.

Yashikirije ko hakiri ibikorwa vyinshi vyo gukora. Iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyikesha itororakanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG