Uko wahagera

Turukiya: Pasitori Andrew Brunson Yatezuriwe


Andrew Brunson
Andrew Brunson

Umupasitori w’Umunyamerika apfungiwe muri Turukiya yagirizwa iterabwoba no gusuma urusaku agiye gukurwa mw’ibohero acungishwe icamaso imuhira iwe, ivyo vyatangajwe kuri uyu wa gatatu n’ikimenyeshamakuru ca reta ya Turukiya, Anadolu.

Ipfungwa ry’uwo mu Pasitori Andrew Brunson, yamuka mu gisagara ca Black Mountain, muri reta ya Carolina y’uburaruko, ryaratosekaje imigenderanire hagati ya Turukiya na Reta zunze ubmwe z’Amerika.

Amakuru yo kumucungisha icamaso, aje inyuma y’indwi imwe sentare yo mu gisagara ca Alaga mu burengero bwa Turukiya ifashe ingingo yo kumugumiza mw’ibohero.

Ntibiramenyekana ariko igihe igikorwa co kumwimurira aho azopfungishwa icamaso kizobera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG