Uko wahagera

Amerika na Irani Bikomeje Guhangana mu Magambo


Ifoto ya Perezida wa Amerika Donald Trump (Ibubanfu) , n’iya Perezida wa Irani Hassan Rouhani (Iburyo)
Ifoto ya Perezida wa Amerika Donald Trump (Ibubanfu) , n’iya Perezida wa Irani Hassan Rouhani (Iburyo)

Italiki ntarengwako ya kane y’ukwezi kw’umunani yegereje ku vyerekeye gufatira igihugu ca Irani incuro ya mbere y’ibihano bishasha. Guterana amajambo akarishe hagati y’abategetsi b’ico gihugu na Amerika vyatumye abihweza ibintu mu karere ko mu buseruko bwo hagati bibaza niba ingwano ishobora kwaduka hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Ifaranga ry’igihugu ca Irani, Riyal, ryatakaje agaciro cane umuntu arigereranije n’idolari ry’abanyamerika. Iryo faranga ryatakaje ibirenga ica kabiri c’agaciro karyo kuva mu ntango z’umwaka. Iyo bikaba biriko biremera Reta kugira igire ico ikora.

Prezida wa Irani, Hassan Rouhani, yatanguye kuvuga ku ngingo igihugu ciwe cofata mu gihe kizoba cafatiwe ibihano na Amerika.

Yahaye ibihugu vy’i Bulaya vyateye igikumu ku masezerano yerekeye umugambi w’ibirwanisho ruhonyanganda wa Irani mmu mwaka w’i 2015 gushika kw’italiki 6 z’ukwezi kw’umunani kugira bibe vyatoye uburyo bw’ukurekurira igihugu ciwe kubandanya gushorera hanze bimwe mu bitoro vyaco.

Abolhassan Bani-Sadr yahoze ari prezida wa Irani abona ko Irani na Amerika bizokworosha inyifato yavyo bikaganira, inyuma yuko biteranye amajambo akarishe. Avuga ko kwugara umuhora wo mu mazi wo mu kigobe ca Hormuz vyotuma baha ingwano. Amenyesha ko inkurikizi zoba zikomeye cane kuri Irani, akarere k’i Bulaya na Asia.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG