Uko wahagera

USA na Turukiya Ntibihuza ku Bihano Byafatirwa Irani


Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu Mevlut Cavusoglu.
Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu Mevlut Cavusoglu.

Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mevlut Cavusoglu yavuze ejo kuwa kabiri ko igihugu ciwe kitazoshigikira ibihano vya Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri Irani, ingingo igiye kwongereza icuka kibi hagati y’ibihugu bigize ishirahamwe ryo mu burengero bw’ibahari Atlantike, OTAN.

Turukiya kimenyesha gishimitse ko kitemera na gato ingingo ya Perezida Donald Trump, inyuma yo kwivana mu masezerano mpuzamakungu na Irani kuri porogaramu yayo ya Nikleyeli. Ibihano vya Reta zunze ubumwe z’Amerika bitegekanijwe ko bitangura kuja mu ngiro mu mpera z’ukwezi kwa munani.

Imigenderanire hagati ya Turukiya na Irani hamwe n’Uburusiya yatumye ico gihugu kibonwa nabi n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, harimwo na Reta zunze ubumwe z’Amerika.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG