Uko wahagera

OIM Iratabariza Abanyagihugu muri Etiyopiya


Uruzi Genale hafi y'igisagara ca Adola, mu karere ka Guji, Etiyopiya, 2016
Uruzi Genale hafi y'igisagara ca Adola, mu karere ka Guji, Etiyopiya, 2016

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi n’abimukira OIM, cateye akamo amakungu gisaba intererano y'amafaranga angana n’imiliyoni 22 z’amadolari yo gufasha ibihumbi amajana vy’abantu bahunze ubwicanyi hagati y’amoko mu bumanuko bwa Etiyopiya.

Ugutana mu mitwe hagati y’imiryango ipfa ubutaka hamwe n’amazi ku rubibe rw’intara za Etiyopiya za Gedeo na Guji y’Uburengero kwatumye abantu bashika ku bihumbi 970 bata ingo zabo kuva mu kwezi kwa kane.

Umuvugizi wa OIM, Joel Millman, avuga ko ukwo guhunga kwatumye abantu batakaza ivyababeshaho, hamwe n’ibindi bitari bike vyasambutse.

OIM ivuga kandi ko ayo mafaranga ari ayo kuzofasha abashika ibihumbi 400 babangamiwe cane kurusha abandi mu kubaronsa cane cane aho bakika umusaya n’ibindi vya nkenerwa mu kiringo c’amezi atandatu.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG