Uko wahagera

Trump Arisigura ku Mubonano na Putin


Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yatangaje kuri uyu wa mbere ko ataco yahebeye perezida Vladimir Putin w’Uburusiya mu mubonano bagiranye mu ndwi iheze i Helsinki, ariko ivyo bavuganye ari babiri mu mwiherero gushika ubu biracagizwe ibanga.

Trump mu butumwa yashikirije akoresheje urubuga rwa Twitter yavuze ko baganiriye kuri kazoza karimwo inyungu ku bihugu bibiri, ariko avuga ko anegura ibimenyeshamakuru kuba bishikiriza ibinyoma mu kuvuga nabi umubonano wiwe na Putin.

Trump na Putin babonanye amaso mu yandi mu kiringo kirenga amasaha abiri barikumwe n’umusobanuzi gusa. Trump aremeza ko bavuganye ku bibazo birimwo ukwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri 2016, guhagarika ibikorwa vy’iterabwoba, umutekano wa isirayeli, n’ibindi.

Ariko ido n’ido ry’ivyo bemeranije ntibiraja ahabona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG