Uko wahagera

Chili: Abakozi ba Katolika 36 Batohozwako ku Vyaha Bifatiye ku Gitsina


Umwepiskopi Charles Scicluna, hagati, mu nama n'abapadiri hamwe n'ababikira muri katedrale y'i San Mateo Cathedral i Osorno, Chili, itariki 16/06/2018.
Umwepiskopi Charles Scicluna, hagati, mu nama n'abapadiri hamwe n'ababikira muri katedrale y'i San Mateo Cathedral i Osorno, Chili, itariki 16/06/2018.

Ubutungane muri Chili butangaza ko buriko buratohoza ku vyaha 36 bifatiye ku gitsina, vyagirizwa abakozi ba Ekleziya Katolika.

Ubutungane bwashikirije kuri uyu wa mbere ko ayo matohoza ari mu zindi raporo 144 z’ivyaha bifatiye ku gitsina vyagirizwa abakozi ba Ekleziya 158 vyakozwe kuva mu mwaka w’2000.

Mu ntango z’uku kwezi, umupadiri amenyekana cane muri Chili, yarahagaritswe yagirizwa ivyaha vyo gufata abakenyezi ku nguvu.

Papa Fransisiko yaremeye mu ntango z’uyu mwaka ko yakosheje bikomeye mu gusuzugura ivyaha bifatiye ku gitsina vyagirijwe abakozi ba Ekleziya muri Chili, avuga ko yamaramajwe n’ivyabaye.

Mu kwezi guheze Papa yahamagaje abepiskopi Katolika 34 bo muri Chili i Roma, aho baciye bashikiriza ko batanze imihoho mur’ayo mabanga kubw’ivyo vyagiriji, ariko gushika ubu batanu nibo amaze kwemerera gutanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG