Uko wahagera

Israyeli Yahungishije Abanyesiriya 422


Abanyesiriya bagize umugwi w'abagiraneza ba White Helmet. (AP)
Abanyesiriya bagize umugwi w'abagiraneza ba White Helmet. (AP)

Ku musi wa gatandatu Israyeli yarahungishije abagiraneza 422 b’umugwi White Helmet n’imiryango yabo, ibakura mu karere gasinzikajwe n’intambara muri Siriya. Israyeli yabatwaye muri Yorodaniya mu miduga yunguruza abantu yari iherekejwe n’igipolisi ca Israyeli, nayo iherekejwe n’imiduga y’ishurahamwe mpuzamakungu ONU.

Igisirikare ca israyeli casiguye ko ari abasivile kiriko kirafasha, congera candika k’urubuga rwaco rwa twita giti “bahungishijwe mu maguru masha bakugwa mu karere karimwo intambara mu buraruko bwa Siriya kubera ubuzima bwabo bari bugeramiwe.” Igisirikare congera giti “ ihungishwa ry’abo banyesiriya bari barataye ingo zabo biciye muri Israyeli, n’igikogwa co gufasha ariko kitari ica misi yose”

White Helmet n’umugwi w’abanyagihugu bihaye igikogwa co gutabara abasivile baguye mu bitero vyo mu kirere n’ibindi bigigwa muri ico gihugu kuva mu mwaka wi 2013.

Igisirikare ca Israyeli cavuze kandi kw’ico gikogwa bagisabwe na Amerika, Canada n’ibihugu vya buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG