Nyamugigima yo kurugero rwa gatanu n’ibice icenda yarabiciye biracika muntara ya Kermanshah mu burengero bwa Irani. Abajejwe gutabara imbabare bavuga kw’iyo nyamugigima yakomerekeje abantu 150 ku musi wa mungu mu karere kari hafi y’umupaka wa Irani na Irak.
Pirhossein Kolivand umuyobozi mukuru ajejwe ibiro vyo gutabara imbabare yabwiye shene ya televiziyo ya reta ko, hakomeretse abantu 146 kandi ko muribo 21 vyabaye ngombwa ko batwagwa kuvugwa mubitaro. Uwo mutegetsi ntiyavuze niba hariho abahasize ubuzima.
Ku murango w’umusi wa mungu harabaye izindi nyamugigima zibiri mu karere ka Hormozgan mu ntara iri m'uburaruko bw’umugwa mukuru wa Tehran.
Facebook Forum