Uko wahagera

Burundi: Amagufa y'Abantu Yabonetse muri Nyanzalac


Amwe mu magufa y’ivyo bisigarira vy’abantu aracariko impuzu, vyerekana ko abo bantu barimwo abakenyezi n’abagabo. Abanyabuheka bemeza ko muri ako karere habereye ubwicanyi kuva mu mwaka w’1997 gushika mu 2000, intambara yatumye baburana n’ababo batamenye niba barishwe.

Ico kinogo cagiye ahabona ku buryo butitezwe. Abanyabuheka bishikiye kuraba ivyo bisigarira bavuga ko bamenye zimwe mu mpuzu z’ababo zipfutse amagufa.

Abo banyagihugu bo ku mutumba Buheka bavuga ko ico kinogo kirimwo ivyo bisigarira cari mu kigo cari gicumbitsemwo abasirikare b’ico gihe. Aloys Batungwanayo umushakashatsi kuri kahise kabi kabaye mu Burundi amenyesha ko ico kinogo kiri mu bindi birenga 4000 bimaze kumenyekana ko vyatawemwo abantu. Asigura ko vyari vyiza ko banyene kubura bamenya abatawe muri ico kinogo abaribo.

Nyene itongo ryatowemwo ivyo bisigarira yarahagaritswe n’igipolisi cari cishikiye aho ku mutumba wa Buheka. Abanyabuheka bavuga ko yoba yahowe ko atamenyesheje ningoga ivyo yabonye. Abo banyabuheka bemeza ko uyo mutumba urimwo ibindi binogo bagasaba umugwi CVR kudateba kuhashika.

Umumenyeshakuru w'Iwi ry'Amerika i Nyanzalac Chrissie Munezero ni wa yakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:04 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG