Uko wahagera

Abatavuga Rumwe na Reta Bagiriwe Imbabazi muri Etiyopiya


Imbohe muri Etiyopiya mw'ibohero ry'i Metema, mu buraruko bushira uburengero bwa Etiyopiya ku rubibe na Sudani
Imbohe muri Etiyopiya mw'ibohero ry'i Metema, mu buraruko bushira uburengero bwa Etiyopiya ku rubibe na Sudani

Inama nshingamateka y’igihugu ca Etiyopiya yemeje, uno musi ku wa gatanu, itegeko rigirira imbabazi abatavuga rumwe na reta. Abantu ibihumbi n’ibihumbi muribo bararekuwe kuva umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, ashitse ku butegetsi.

Iryo tegeko rigirira imbabazi abantu n’imirwi biriko bitohozwa canke abagiwe n’ivyaha vyo guhemuka, ivyaha bihungabanya umutekano w’igihugu, n’abafashe inzira y’urugamba rukoresha ibirwanisho.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yarahayagijwe n’abakwirikirana ibintu ku ngingo ziwe zigenewe guhindura uko ibintu bimeze muri iki gihe mu gihugu ciwe.

Etiyopiya yaranebaguwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu ku nyifato y’ubunyamaswa y’inteko zijejwe umutekano, guta mu mvuto abatavuga rumwe na Reta, n’ukutarekurira abanyepolitike kurangura imirmo yabo mu mwidegemvyo.

Kuva ashitse ku butegetsi, mu kwezi kwa kane, abanyororo ibihumbi n’ibihumbi, harimwo abanyepolitike bakomeye batavuga rumwe na Reta, bararekuwe.

Yaratangaje kandi ingingo zigenewe gutunganya gushasha ivyerekeye ubutunzi, yongera agirana amasezerano y’amahoro n’igihugu kibanyi ca Eritreya.

Abiy Ahmed yagize gusubira kwumvikana n’imirwi itandukanye itavuga rumwe na Reta amugambi nyamukuru wa Reta yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG