Abantu bashika kuri 17, barimwo abana barapfuye igihe ubwato barimwo bwazama mu kiyaga mw’ijoro ryo ku musi wa kane, bivanye n’igihuhusi kivanze n'imvura vyagaragaye muri reta ya Missouri, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Abategetsi bo mu gisagara ca Branson, mw’ikomine ya Stone vyabereyemwo batangaje kuri uyu wa gatanu ko abantu bane bakironderwa kandi abandi indwi batwawe kwa muganga.
Perezida Donald Trump, mu butumwa yarungitse abicishije ku rubuga rwa Twitter, yahojeje imiryango hamwe n’abagenzi b’abashikiwe n’iryo sanganya muri reta ya Missouri.
Igisagara ca Branson kiri ku bilometero 320 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Kansas City. Ni igisagara imiryango hamwe na bamukerarugendo bahurumbira cane kugira binezereze.
Facebook Forum