Uko wahagera

Abakuru b'Ibihugu bya Mozambike, Ubushinwa n'Ubuhinde mu Rwanda


Perezida Paul Kagame yakira mugenzi we wa Mozambike Filipe Jacinto Nyusi
Perezida Paul Kagame yakira mugenzi we wa Mozambike Filipe Jacinto Nyusi

Prezida w’Urwanda, Paul Kagame, azokwakira abategetsi b’ibihugu vya Mozambike, Ubushinwa n’Ubuhindi, mu rugendo bazogira mu Rwanda hagati y’italiki 19 n’italiki 24 z’uku kwezi kw’indwi, umwaka w’i 2018.

Prezida wa Mozambike, Filipe Jacinto Nyusi, yashitse mu Rwanda uno musi mu rugendo rw’imisi itatu.

Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, azoba ari mu Rwanda kuva kw’italiki 22 gushika kw’italiki 23 z’uku kwezi kw’indwi. N’ubwa mbere umutegetsi mukuru w’igihugu c’Ubushinwa ashika mu Rwanda.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, azogendera u Rrwanda hagati y’italiki 23 n’italiki 24 z’uku kwezi kw’indwi, umwaka w’i 2018. N’urugendo kandi rwa mbere umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi agize mu Rwanda.

Itangazo rya leta y'u Rwanda rivuga ko urugendo mu Rwanda rw’abo bategetsi b’ibihugu vya Mozambike, Ubushinwa n’Ubuhindi ruzokomeza imigenderanire iri hagati y’u Rwanda n’ivyo bihugu uko ari bitatu.

Abo bategetsi bazoba baherekejwe kandi n’abaserukira igisata c’abikorera ku giti cabo batari bake.

Nkuko iryo tangazo ribivuga, kwongereza ubudandaji n’imitahe nivyo bizoshimikirwako kurushiriza, cane cane mu bisata bijanye n’inyubako, n’ugucukura ubutare hamwe n’ubuhinga bwa none.

Prezida w’u Rwanda, Paul Kagame azoganira kandi n’abo bategetsi ku bibazo biraje ishinga akarere ka Afrika mu gihe ariwe ayoboye umuryango w’ibihugu vya Afrika ku rwego rw’abakuru b’ibihugu.

Ubushinwa n’Ubuhindi n’bihugu bikomeye cane mu vy’ubutunzi bikorana cane n’akarere ka Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG