Uko wahagera

Ivyegera Bitanu vya Perezida mu Gihugu Kimwe Birashoboka?


Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Epfo, na Riek Machar amurwanya, bari mu biganiro i Khartoum
Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Epfo, na Riek Machar amurwanya, bari mu biganiro i Khartoum

Impande zirwana muri Sudani y’epfo mu nama zarimwo i Khartoum ejo ku musi wa gatatu zarananiranye kwumvikana isabikana ry’ubutegetsi.

Umushikiranganji wa Sudani y’epfo ajejwe kumenyesha amakuru, Michael Makuei yavuze ko reta yemeye ishirwaho ry’ivyegera vy’umukuru w’igihugu bitanu ariko abatavugarumwe nayo baranse kuvyemera.

Amakuru ava mubakurikirana ivyo biganiro avuga ko impande zishamiranye muri Sudani y’epfo zigifise akaryo keza ko kugira ico bumvikanyeko bagasinya n'amasezerano.

Bitegekanijwe ko bazokwongera guhurira muri Kenya kugira babandanye ibiganiro, ariko nta genekerezo ryumvikanyweko ry’igihe bazosubira kubonanirako mu bindi biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG