Uko wahagera

Magufuli: Umugambwe CCM Ntuzigera uva ku Butegetsi


Perezida wa Tanzania John Magufuli mu bikorwa vyo kwiyamamariza amatora i Dar Es salaam, Tanzaniya. Itariki 23/10/2015
Perezida wa Tanzania John Magufuli mu bikorwa vyo kwiyamamariza amatora i Dar Es salaam, Tanzaniya. Itariki 23/10/2015

Perezida wa Tanzaniya, John Pombe Magufuli yaremeje ko umugambwe akomokamwo uzoguma ku butegetsi ibihe bidashira, ni mw’ijambo yashikirije, i Kibaha, hafi y’umurwa mukuru Dar es Salaam, aho yariko atanguza ibikorwa vyo kwubaka inyubako yitiriwe Julius Nyerere, yashikanye Tanzaniya ku kwikukira, akanashinga umugambwe CCM.

Magufuli yavuze kandi ko abazorwanya umugambwe Chama Cha Mapinduzi azokwibonerako.

Kuva agishika ku butegetsi mu mwaka w’2015, Magufuli yagirizwa n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu kuba atwaza igikenye, kandi aburagiza abatavugarumwe nawe no kubangamira uburenganzira bwa muntu bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG