Uko wahagera

Misiri: Ubwenegihugu Buzohabwa Abanyamahanga Bifise


Inama Nshingamateka ya Misiri ishashe mu nama yayo.
Inama Nshingamateka ya Misiri ishashe mu nama yayo.

Inama nshingamateka ya Misiri yaremeje amategeko ateye impari ku musi wa mbere, harimwo kwemerera ubwenegihugu abanyamahanga bazoshira amafaranga angana ibihumbi amajana ane y’amadolari ($400,000) kuri konte zabo mw’ibanki mu gihugu.

Iryo tegeko ryemererera ubwenegihugu abanyamahanga bazobitsa ayo mafaranga, muri banki yo muri Misiri mu kiringo c’imyaka itanu kandi bakaguma mu gihugu ico kiringo nyene.

Kuri uyo wa mbere nyene, inama nshingamateka yaremeje irindi tegeko rikingira abasirikare bakuru bagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu mwaka w’2013, igihe uwahoze ari perezida Mohamed Morsi yirukanwa ku butegetsi.

Abanyagihugu baharurwa mu majana barishwe ico gihe, igihe abajejwe umutekano birara mu banyagihugu bari bashigikiye Morsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG