Uko wahagera

Baribaza Impamvu Trump Adatinyuka Putin


Perezida Donald Trump w'Amerika na Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin baramukanya imbere yo kwishura abamenyeshamakuru i Helsinki, Finlande, itariki 16/07/2018.
Perezida Donald Trump w'Amerika na Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin baramukanya imbere yo kwishura abamenyeshamakuru i Helsinki, Finlande, itariki 16/07/2018.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, ahagaze haruhande ya Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, yatangaje ko ata mpamvu abona yokwemera ko Uburusiya bwahungabanije amatora yamushikanye ku butegetsi mu mwaka wa 2016. Ivyo yabivuze yishura abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, inyuma y’umubonano yagiranye na Perezida Putin i Helsinki ku murwa mukuru wa Finlande.

Trump yavuze ko Putin yemeza n’inkomezi ko ataco yakoze, kubw’iyo mvo ntacotuma nawe yemera ko ivyo vyabaye.

Abanyepolitike muri Amerika, ku mpande zibiri, ndetse n’abarongoye ibiro bijejwe amaperereza baneguye izo mvugo za Trump imbere ya Putin.

Uyo mubonano wo kuri uyu wa mbere wabaye haheze imisi itatu, Robert Mueller ariko aratohoza ku ruhara Uburusiya bwagize mu kwivanga mu matora, yagirije Abarusiya 12 bakorera iperereza ry’ico gihugu kuba barafashije kugira Trump atsinde.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG