Uko wahagera

Perezida Trump Yabonanye na Putin


Perezida Trump kumwe na Putin muri Finland
Perezida Trump kumwe na Putin muri Finland

Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump na perezida w’Uburusiya Vladimir Putin biteguriye kubonana mu nama benshi biteze, ibera mu gisagara ca Helsinki muri Finlande.

Imbere y’uko aja muri iyo nama kuri uno musi wa mbere, Trump yavuze ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yamye itameze neza mu myaka iheze. Ariko avuga ati “ ndakeka ko tuzohereza kugirana imigenderanire myiza.

Amasaha make imbere y'aho, Trump yanditse ku rubuga rwe rwa Twitter, atunga urutoke abo avuga ko bagize uruhara ku migenderanire mibi iri hagati y’ivyo bihugu.

Trump yanditse ati “ imigenderanire n’Uburusiya ntiyigeze iba mibi ku rugero igezeko ubu, bitewe n’imyaka myinshi y’ubube gito bwa Amerika”. Ati “…ubu naho bari mu matohoza ataco azoshikako.”

Trump akaba yariko avuga ku matohoza ariko aragirwa na reta y'Amerika ku ruhara Uburusiya bwagize mu matora muri Amerika mu 2016.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bwaciye bushigikira ivyo Trump yanditse kuri Twitter bwandika buti, “Turavyemeye”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG