Uburusiya bwoba bugiye gutangura gukura abasirikare ba Irani muri Siriya ahagana ku rubibe na Isirayeli, ivyo vyashikirijwe ku musi wa gatatu n’abategetsi ba Isirayeli, inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu agiraniye ibiganiro na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin.
Isirayeli yashikirije ko yipfuza ko abasirikare ba Irani bose bari muri Siriya bavanwayo kandi ko itazemera ko Irani igumayo akaramata.
Mugihe Netanyahu yari mu ndege yerekeza i Moscow, ikigendajuru ca Misile ca Isirayeli cakoroye indege ya drone yariko iraguruka iva muri Siriya.
Uyo ubaye umubonano ugira gatatu muri uyu mwaka hagati ya Netanyahu na Putin. Umushikiranganji wa mbere yavuze ko imigenderanire yiwe n’umutegetsi w’Uburusiya ihambaye cane ku mutekano wa Isirayeli.
Facebook Forum