Uko wahagera

Afrika mu Bwiyunge n'Amahoro Kuruta Imitahe ya CPI


Perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir, ibibamfu, asinya amasezerano ahagarariwe na Perezida Omar al-Bashir i Khartoum, itariki 27/06/2018.
Perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir, ibibamfu, asinya amasezerano ahagarariwe na Perezida Omar al-Bashir i Khartoum, itariki 27/06/2018.

Sudani caratumyeko ambasaderi aserukira umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya mur’ico gihugu ku musi wa gatatu mu kwerekana ko kitanezerejwe n’itangazo ry’Ubumwe bwa Bulaya bunegura ibihugu vy’Ubuganda na Djibouti kuba vyarakiriye Perezida Omar al-Bashir, asanzwe aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ni inyuma y’aho Bashir agendeye Uganda mu ndwi iheze mu mubonano na bagenzi we Yoweri Museveni na Salva Kiir wa Sudani y’epfo, mu biganiro vy’amasezerano agamije kurangiza intambara muri Sudani y’epfo. Bashir yaragiye no muri Djibouti mu birori vyo gutanguza igice ca mbere c’umugambi wa Afrika wo guhanahana ibidandazwa.

Iyo sentare ifise icicaro i Lahaye mu Buholande yarasahoye umutahe wo gufata Bashir, imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara n’ihonyabwobo, mu ntambara yo muri Darfur yo muri 2003; ivyaha Perezida Bashir yama yahakanye ko atakoze.

Mu mwaka uheze iyo sentare yavuze ko igihugu ca Afrika y'epfo cananiwe gukora ico cemeye mu kwanka gufata Bashir.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG