Uko wahagera

Russia 2018: Craotia n'Ubufaransa Ninde Azotahana Igikombe?


Abakinyi ba Croatia, inyuma yo gutsinda Ubwongereza mu rukino rwa kabiri rushira urwa nyuma mu nkino za Mondial 2018 mu Burusiya
Abakinyi ba Croatia, inyuma yo gutsinda Ubwongereza mu rukino rwa kabiri rushira urwa nyuma mu nkino za Mondial 2018 mu Burusiya

Igihugu ca Croatia kuri uyu wa gatatu carashoboye kuronka itike ya mbere muri Finale y’igikombe c’isi c’umupira w’amaguru, mu nkino ziriko zirabera mu Burusiya. Ni inyuma yo gutsinda Ubwongereza ibitsindo 2-1 mu rukino rwa demi finale.

Abakinyi ba Croatia bahimbaje iyo ntsinzi imbere y’abarorerezi babo i Moscou mugihe i Zagreb ku murwa mukuru, ibihumbi vy’abanywanyi bihereje amabarabara baririmba kandi bigina iyo ntsinzi.

Mu nkino zo guhiganirwa ikibanza ca gatatu, Ubwongereza buzohura n’Ububiligi ku musi wa gatandatu.

Croatia kizotana mu mitwe n’Ubufaransa mu rukino rwa nyuma ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG