Uko wahagera

Thailande: Abana 12 Bose Bararokowe ari Bazima

Abasirikare ba Thailande bakorera mu mazi banezerewe inyuma yo kurokora ari bazima abana bari bagotewe mu kuzimu mu ntara ya Chiang Rai, Thailande, itariki 10/07/2018.
Abasirikare ba Thailande bakorera mu mazi banezerewe inyuma yo kurokora ari bazima abana bari bagotewe mu kuzimu mu ntara ya Chiang Rai, Thailande, itariki 10/07/2018.

Abana 12 bose b’abahungu bakina umupira w’amaguru hamwe n’umumenyereza wabo barakuwe mu muhora wo mu kuzimu muri Thailand bari baragotewemwo mu kiringo c’indwi zirenga zibiri, nkuko bimenyeshwa n’abasirikare ba Thailande.

Abo bakinyi b’umupira w’amaguru n’umumenyereza wabo bari muri uwo muhora uzwi nka Tham Luang, kuva mu mpera z’ukwezi guheze kwa gatandatu.

Bane bakuweyo ku musi w’Imana. Abandi bane bakuwemwo kuwa mbere. Abari basigaye hamwe n’umumenyereza wabo ejo kuwa kabiri.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze ko abo bana bazogumizwa kure y’imiryango yabo kugira ngo babakingire kuba bokwandura indwara. Yongeyeko ko bashobora bazomara mu bitaro cibura indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG