Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump kuri uyu wa mbere yatangaje Brett Kavanaugh mu kibanza c’umucamanza wa sentare nkuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, gusubirira Anthony Kennedy aherutse gutanga imihoho.
Inyuma yo gutangazwa na Trump, Kavanaugh yashikirije ko kuva kuri uyu wa kabiri atangura imibonano n’abagize sena y’Amerika ababwire ko azosobanura neza ibwirizwa shingiro ry’Amerika kandi mu gihe yokwemerwa n’abagize sena mur’ico kibanza azokwitaho ibibazo vyose bizoboneka.
Mugihe Abarepublikani bizeye ko bashobora kumwemeza imbere yuko sentare nkuru y’igihugu isubira mu bikorwa mu kwezi kw’icumi, kandi mugihe himirije amatora yo hagati ya manda ya perezida, abakurikiranira hafi ivya poritike muri Amerika bavuga ko hazoba ugutana mu mitwe gukomeye muri poritike muri sena y’Amerika kw’iyemezwa ryiwe.
Umucamanza Kennedy, yatanze imihoho yabona mu buryo butandukanye ibibazo bitandukanya Abanyamerika nk gukorora inda, uburenganzira bw’abakundana bahuza ibitsina hamwe n’urubanza rwo gupfa. Mugihe yosubirizwa na Brett Kavanaugh umuconservateri, agaragaza ko ateye kubiri n’ivyo bibazo, kandi atorerwa kuzoguma mur’ico kibanza gushika atanze imihoho canke apfuye hari ubwoba ko iyo sentare itazotunganiriza Abanyamerika mu budasa bwabo .
Kavanaugh, w’imyaka 53 y’amavuko, amaze imyaka 12 mu mwuga w’ubucamanza.
Facebook Forum