Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Ntibumvikanye ku Gusabikanya Ubutegetsi


Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Sudani y'epfo, Riek Machar, ibubamfu, aramutsa perezida wa Sudani, Salva Kiir bahagarikiwe na Perezida wa Uganda Yoweri Museveni, hagati.
Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Sudani y'epfo, Riek Machar, ibubamfu, aramutsa perezida wa Sudani, Salva Kiir bahagarikiwe na Perezida wa Uganda Yoweri Museveni, hagati.

Mugihe ejo ku musi wa mbere igihugu ca Sudani y'Epfo cibuka imyaka indwi kibayeho, uwo musi nyene imihari irwanya reta yaranse kwemera igabanganya ubutegetsi ryashikirijwe na reta. Ni inyuma y’amasaha make reta itangaje ko impande zibiri zumvikanye igabangana ry’ubutegetsi.

Perezida Salva Kiir hamwe n’abamurwanya barananiranye kwumvikana ku masezerano arama naho bari baremerewe n’ibihugu bibanyi, ndetse n’ibihugu rutura harimwo Reta zunze ubumwe z’Amerika, Ubwongereza hamwe na Norvege.

Impunzi z’abanyesudani y’ubumanuko ziba i Arua, muri Uganda, zaranezerejwe nuko abakuru b’ibihugu vyo mu karere bagondoje impande zose zirumvikana ku mahoro, ariko bavuga ko batizeye abategetsi babo ko vy’ukuri bipfuza amahoro.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Mike Pompeo yasohoye itangazo kuri uyu wa mbere, asaba abarwana kwubahiriza amasezerano kuko intambara yongereza imibabaro ku banyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG