Igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kirabandanya kubera mu gihugu c’Uburusiya.
Mu nkino za kimwe ca kane z’uno musi ku wa gatanu, Ubufransa bwatsinze Uruguay ibitsindo 2 ku busa. Ico gitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi, Raphael Varane n’umutwe ku munota wa 40, mu gihe igitsindo kigira kabiri cinjijwe n’umukinyi Antoine Griezmann ku munota wa 61.
Mu rundi rukino ruhava ruba mu kanya Brezil iza guhura n’Ububiligi.
Mu nkino z’ejo ku musi wa gatandatu, Ubwongereza buzokina n’Ubusweda mu gihe Croatia izohura n’Uburusiya.
Inkino zo muri kimwe ca kabiri zizoba ku musi wa kabiri no ku musi wa gatatu w’indwi iza. Mu gihe igice ca nyuma c’iki gikombe c’isi yose ruzoba ku musi w’Imana w’indwi iza mu gisagara ca Moscou.
Igihe igikombe c’isi yose kizoba kirangiye, inkino 64 nizo zizoba zakinywe mu bibanza birenga 12 mu bisagara 11.
Ku bantu batari bake mu gisagara ca Nizhny Novgorod, kimwe mu bibanza vyakiye inkino z’igikombe c’isi yose, ico gikombe cabaye umusi mukuru ukomeye utari bwaboneke muri ico gisagara mu kiringo c’imyaka cumi.
Muri ico gihe, Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, Gianni Infantino, atangaza ko bariko bakwirikirana igikorwa c’ugutabara imikangara 12 y’abakinyi b’umupira w’amaguru n’umumenyereza wabo bafatiwe musi y’ukuzimu, mu ntara ya Chiang Rai, mu buraruko bw’igihugu ca Tayilande, kuva kw’italiki 23 z’ukwezi kwa gatandatu mu mwaka w’i 2018.
Atangaza ko bakira neza amakuru meza avurwa ko batowe n’umurwi w’abajejwe gutabara. Atangaza ko niyo basubirana n’imiryango yabo mu misi iri imbere, amagara yabo akabakundira kugira urugendo, ko ishirahamwe FIFA ryonezerwa n’ukubatumira kurorera urukino rw’igice ca nyuma c’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru ruzobera ku murwa mukuru c’Uburusiya, Moscou, ku musi w’Imana italiki 15 z’uku kweziz kw’indwi.
Umukuru w’ishirahamwe FIFA, Infantino, yizeyeko bazoshobora kwifatanya nabo muri urwo rukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi yose kiriko kibera mu Burusiya muri iki gihe.
Facebook Forum