Uko wahagera

Amerika Yatanguye Gutoza Amatagisi ku Bidandazwa vy'Ubushinwa


Ubwato bw'ibidandazwa ku kivuko co mu gisagara ca Los Angeles na Long Beach, muri Californiya.
Ubwato bw'ibidandazwa ku kivuko co mu gisagara ca Los Angeles na Long Beach, muri Californiya.

Amatagisi ku bidandazwa biva mu Bushinwa vyinjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, yatanguye gushirwa mu ngiro kuri uyu wa gatanu.

Reta y’Amerika yatanguye gutoza amatagisi isaha zitandatu n’umunota umwe z’ijoro mu masaha yo mu buseruko bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika. Ibidandazwa vy’Ubushinwa bifise agaciro k’imiliyaridi 34 z’amadolari nivyo bizokorwako n’iyi ngingo ya mbere ishobora gukurikirwa n’izindi mu nyuma.

Inyuma gato ayo matagisi atanguye gushirwa mu ngiro, Ubushinwa bwavuze ko bwagoberewe ku nguvu kwihora kur’ayo matagisi y’Amerika, ariko ntibwashotse buvuga ico bugiye gukora.

Mu nyuma umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire yemeje ko gusubiriza mu ndumane ku bidandazwa biva muri Amerika vyinjira mu bushinwa bishizwe mu ngiro.

Ubushinwa bwari bwashikirije ko nabwo buzoduza amatagisi gushika kuri 25 kw’ijana ku bidandazwa biva muri Amerika bifise agaciro k’imiliyaridi 34 z’Amadolari, bigizwe n’isoya, imodokari zigendeshwa n’umuyagankuba w’izuba hamwe n’ikinyobwa ca whiski.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG