Uko wahagera

Thailand: Abakerarugendo 53 Bazimiriye mu Kiyaga


Abajejwe gutabara bakuya abakererugendo mu bwato bwibiye mu mazi ku musi wa kane mw'izinga rya Phuket, itariki 5/07/2018, mu bumanuko bwa Thailand
Abajejwe gutabara bakuya abakererugendo mu bwato bwibiye mu mazi ku musi wa kane mw'izinga rya Phuket, itariki 5/07/2018, mu bumanuko bwa Thailand

Abantu batari bake ntibazwi irengero inyuma y’aho ubwato bwari butwaye ba mukerarugendo bwibiye mu kiyaga ku musi wa kane ku nkengera z’amazi ya Thailand, nkuko bishikirizwa n’abategetsi b’ico gihugu.

Ubwo bwato bwari butwaye abakerarugendo bari barwiriyemwo Abashinwa, bwubamye bushitse mw’izinga riri ahitwa Phuket kandi abategetsi bavuga ko ibikorwa vyo kurondera abazimiye 53 vyahagaritswe inyuma yo gutabara abagera kuri 48.

Ubundi bwato bugira kabiri bwaribiye kuri uwo musi nyene ku nkengera ry’iryo zinga ariko abategetsi bavuga ko abakerarugendo 39 b’Abashinwa hamwe n’Abanyabulayi barimwo bashoboye gutabarwa.

Imvura nyinshi irangwa muri ako karere niyo yatumye ibiyaga bisurirana kandi bishobora kubandanya gushika ku musi wa kabiri nkuko bishikirizwa na buramatariw’ako karere ka Phuket, mu bumanuko bwa Thailand.

Phuket ni akarere gahurumbirwa n’abakerarugendo b’abanyamahanga. Abashika imiliyoni 35 nibo vyitezwe ko bazogendera Thailand uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG