Uko wahagera

Amatohoza ya ONU ku Bwicanyi muri Kasai


Abagore hamwe n'abana b'Abanyekongo bashitse ku rubube rw'intara ya Lunda Norte muri Angola bahunze ibitero vy'imihari yitwaje ibirwanishi mu ntara ya Kasai, RDC, ukwezi kwa gatanu 2017. © HCR / Pumla Rulashe
Abagore hamwe n'abana b'Abanyekongo bashitse ku rubube rw'intara ya Lunda Norte muri Angola bahunze ibitero vy'imihari yitwaje ibirwanishi mu ntara ya Kasai, RDC, ukwezi kwa gatanu 2017. © HCR / Pumla Rulashe

Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasanze imihari yose yitwaje ibirwanisho mu ntara ya Kasai muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo yagirwa n’ubwicanyi rusangi, kandi bake nibo barengutswa imbere y’ubutungane.

Ivyo vyashikirijwe n’umurwi w’abahinga mpuzamakungu ba ONU batohoza ku bwicanyi bwabaye muri Kasai, inyuma yo guha icegeranyo inama ya ONU ijejwe agateka ka muntu, ifise icicaro i Geneve mu Busuwisi.

Bacre Waly Ndiay, yari arongoye uwo murwi yashikirije ko ubwicanyi bwadutse muri Kasai mu kwezi kwa munani 2016, bwagirizwa abasirikare ba Kongo, umuhari urwanya reta witiriwe Kamiuna Nsapu hamwe n’umuhari Bana Mura urwana ku ruhande rwa reta.

Mugihe abo bahinga bavuga ko abagirizwa ivyo vyaha ari bake bakurikiranwa n’ubutungane. Umushikiranganji wa Kongo ajejwe agateka ka muntu, Marie-Ange Mushobekwa, arabihakana. Avuga ko bitatu vya kane vy’abaporisi n’abasirikare bakoze ivyo vyaha bafashwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG