Uko wahagera

Mundial 2018: Imirwi 8 muri Kimwe ca Kane Yamenyekanye


Ubwongereza buhura na Colombia
Ubwongereza buhura na Colombia

Igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kirabandanya kubera mu gihugu c’Uburusiya. Uno musi n’umusi ugira uwa 19 w’ico gikombe.

Mu nkino za kimwe c’umunani zabaye uno musi ku wa kabiri, Ubusweda bwatsinze Ubuswise igitsindo ku busa mu rukino rwa mbere. Ico gitsindo cinjijwe n’umukinyi, Emil Forsberg, ku munuta wa 66.

Mu rundi rukino Ubwongereza bwatinze Colombiya barinze gutera za penalty. Umwanya wahariwe urukino warangiye banganije igitsindo kimwe kuri kimwe. Mu nyuma babongera iminota 30 ariko nta murwi watsinze uwundi.

Mu nkino z’ejo ku musi wa mbere, Brezil yatsinze Mexique ibitsindo bibiri ku busa.

Mu rundi rukino rugira kabiri, Ububiligi bwatsinze Ubuyapani, ibitsindo bitatu kuri bibiri.

Imirwi imaze kwunguruza gushika ubu muri kimwe ca Kane c’iki gikombe c’isi yose n’Ubufransa, Uruguay, Uburusiya, Croatia, Brezil, Ububiligi, Ubusweda hamwe n’Ubwongereza.

Inkino zo muri kimwe ca kane c’iki gikombe c’isi yose zizoba ku musi wa gatanu no ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turimwo.

Ku musi wa gatanu, Ubufransa buzohura na Uruguay mu gihe Brezil izokina n’Ububiligi.

Mu nkino zo mu musi wa gatandatu, Ubusweda buzohura n’Ubwongereza mu gihe Uburusiya buzokina na Croatia.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG