Uko wahagera

ONU: Abana Barenga 10.000 Barishwe mu Bihugu Birimwo Intambara


Um Yousef hamwe n'abana biwe bariko batora mitende mu bitaro i Irbil inyuma yo gukomereka bikomeye mu gitero ca morotiye hanze y'inzu yabo muri Mosul, Iraki, itariki 15/01/2017.

Abana barenga ibihumbi cumi barishwe canke bacibwa ibihimba vy’umubiri mu mwaka uheze mu ntambara ziriko zibera kw’isi, ivyo biri muri raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Abarenga ibihumbi mirongo ibiri na kimwe barahungabanirijwe bikomeye agateka mu mwaka w’2017, ibiharuro vyaduze ugereranije n’umwaka w’imbere y’aho.

Iyo raporo ya ONU yakoreye ku bihugu 20 harimwo ivyarengeje urugero kurusha ibindi nka Yemen, Siriya na Afghanistani.

Ico cegeranyo kivuga ko inteko mpuzamakungu zirongowe na Arabiya Sawudite zagirizwa kwica hafi ica kabiri c’abana barenga ibihumbi 13 bishwe muri Yemeni. Ibihugu vya Nijeriya na Iraki vyapfunze abana 2000 kimwe, ikindi 1000 bahorwa ko imiryango yabo yifatanije n’imihari y’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG