Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje kuri uno musi wahariwe gushigikira abahohoterwa ko icaha co guhohotera ikiremwa muntu kigishinze imizi mu bihugu bitari bike.
Mw’itangazo ONU yasohoye, yasiguye ko ico caha gikorwa ahanini n’abihisha inyuma yo gukingira umutekano w’imbibe n’ibihugu vyabo. Akenshi ku bwa ONU abo bahohoterwa baraborezwa igufa bakongera bagapfungirwa mu tuzu twa bonyene aho bakorerwa amabi y’agahomerabunwa.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, atera intege abadahengeshanya guharanira ko ico caha kiranduranwa n’imizi. Guterres, mu butumwa bwiwe, yanavuze ko abahohoterwa bazira ivyiyumviro vyabo vyaba ivya politike, ivy’ukwemera kwabo, ivy’ukugwanira intwaro bategerezwa gushigikirwa, ubutungane nabwo bukabatunganiriza.
ONU yemeza ko abahohoterwa kw’isi yose baharurwa mu bihumbi.
Facebook Forum