Uko wahagera

Zimbabwe: Abanyepolitike Bumvikanye ku Mugambi w'Amahoro


Prezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa
Prezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa

Mu gihugu ca Zimbabwe, abanyapolitike batari bake bafise umugambi wo kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu hamwe n’abakuru b’imigambwe, biyamirije igitero cahatswe kugandagura Prezida Emmerson Mnangagwa, bongera baratera igikumu ku masezerano avuga kw’igikorwa co kwiyamamaza kizoba mu mahoro, mur’iki gihe amatora ategekanijwe mu kwezi kw’indwi.

Haba Mnangagwa canke Nelson Chamisa, umukuru w’ umugambwe ukomeye utavuga rumwe n’ubutegetsi MDC, nta n’umwe yari mur’iyo nama, yamara intumwa zabo, zateye igikumu kur’ayo masezerano, yateguwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutsimbataza amahoro hamwe n’ukunywanisha abanyaZimbabwe.

Hari abanyapolitike 23 bamaze gutangaza ko bazokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 30 ry’ukwezi kw’indwi: Amatora ya mbere azoba abaye, Robert Mugabe yahoze ari prezida w’ico gihugu, atariko aritoza.

Igitero ca grenade cabereye mu gisagara kigira kabiri mu bunini, Bulawayo, aho Mnangagwa yari yakoresheje ikoraniro ku musi wa gatandatu, cahitanye ubuzima bwa babiri mu bafasha ba prezida, kandi ubwo nibwo bwicanyi bwa mbere bubaye kuva igikorwa co kwiyamamaza gitanguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG