Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, UNRWA gifasha impunzi z’abanyepalestina ejo ku musi wa mbere nticabashije gutororokanya amafaranga gikeneye, bituma kitagishobora kurangura porogaramu zaco bivanye n’uko reta ya Trump yagabanije amafaranga atari make y’imfashanyo yahora igifashisha.
Inyuma y’inama y’abatanga imfashanyo yo mu kwezi kwa gatatu yatororokanije imiliyoni 100 z’amadolari, hakiyongerako izindi miliyoni 100 zatanzwe n’ibihugu vya Arabiya Sawudite na Quatar, ico gisata kiracakeneye izindi miliyoni 250 z’amadolari yo gufasha impunzi z’abanyepalestina barenga imiliyoni 5.3 bahungiye mu karere ka Gaza, mu ntara ya Cisjordaniya, Yorodaniya, Libani na Siriya.
Abafasha ico gisata UNRWA bafise ubwoba ko ugukena kw’imfashanyo gushobora kwongereza umutekano muke mur’ako karere kari gasanzwe mu ntambara.
Facebook Forum