Uko wahagera

Etiyopiya: Babiri Barishwe na Gerenade i Addis Abeba

Amaraso aboneka inyuma y'uko gerenade iturikiye ahariko habera imyiyamamazo yatunganirijwe umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya i Addis Abeba, Etoyopiya, itariki 23/06/2018.
Amaraso aboneka inyuma y'uko gerenade iturikiye ahariko habera imyiyamamazo yatunganirijwe umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya i Addis Abeba, Etoyopiya, itariki 23/06/2018.

Abantu 30 nibo bamaze gufatwa bakekwa kugira uruhara mu gitero cahitanye abantu babiri ku musi wa gatandatu i Addis Abeba ahariko habera imyiyamamazo ya poritike, nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru ca Reta, ku makuru kivuga ko cahawe n’igiporisi.

Abategetsi bashikirije ko abantu 150 aribo bakomeretse igihe gerenade yaturika.

Iyo gerenade yaturikijwe igihe umushikiranganji wa mbere mushasha wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yari ahejeje gushikiriza ijambo aho yariko ariyamamaza.

Abiy yavuze ko ico gitero cari carateguwe neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG