Umurwi wa Argentina, ukinamwo umukinyi rurangiranwa Lionel Messi usa n’uwashize ikirenge kimwe hanze kuko ushobora gutaha mu nkino z’ibanze mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru ziriko zibera mu Burusiya. Ni inyuma yo gutsindwa ibitsindo bitatu ku busa mu rukino rwawuhuje na Croatiya ejo ku musi wa kane.
Kazoza ka Argentine mur’iki gice ca mbere kazovana n’uko iyindi mirwi biri kumwe mu murwi D igiye kuvyifatamwo mu nkino ziri imbere.
Kuri uyu wa gatanu, izo nkino zigeze ku musi wazo w’icenda,
Brezil ihura na Costa Rica
Nijeriya na Islande
Serbiya n’Ubusuwisi.
Facebook Forum