Uko wahagera

ONU: Abakozi ba Minusca Barageramiwe muri Centrafrika


Parfait Onanga-Anyanga, intumwa ya ONU muri Centrafrika, i Bangui, Centrafrika, itariki 30/12/2015.
Parfait Onanga-Anyanga, intumwa ya ONU muri Centrafrika, i Bangui, Centrafrika, itariki 30/12/2015.

Abakozi hamwe n’abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bari muri Centrafrika barengewe kandi barageramiwe, Ivyo vyatangajwe kuri uyu wa kane n’intumwa ya ONU muri Centrafrika, mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano.

Parfait Onanga-Anyanga yavuze ko abakozi ba Minusca, "abasirikare, abaporisi hamwe n’abasivile bama batewe n’imihari yitwaje ibirwanisho hamwe n’iyindi mirwi y’abicanyi ku murwa mukuru hamwe no mu bindi bice vyo hagati mu gihugu ".

Onanga avuga ko imihari yitwaje ibirwanisho ibandanya kudurumbanya umutekano mu gice kini c’igihugu cane cane mu buseruko, hagati, hamwe no mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Muri raporo iheruka gusohoka, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, avuga ko umurwi wa Minusca udashobora wonyeke kwikorera umuzigo wo gucungera umutekano. Asaba reta ya Centrafrika gufata iyambere mu kwihutisha gushira hamwe imirwi yose irwana mu gisirikare kimwe c’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG