Uyu musi n’umusi ugira uw’indwi w’inkino zo mu ntango z’igikombe c’isi yose kibandanya kubera mu gihugu c’Uburusiya.
Mu nkino z’uno musi ku wa gatatu, igihugu ca Portugal catsinze Maroc igitsindo ku busa mu murwi B. Ico gitsindo cinjijwe n’umukinyi rurangiranwa, Cristiano Ronaldo ku munuta wa kane w’urukino.
Mu rukino rwakurikiye, Uruguay yatsinze Arabiya Saudite igitsindo kimwe ku busa mu murwi A mu gihe mu rukino rugira gatatu rw’inyuma y'aho, Espanye yatsinze Irani kimwe ku busa mu murwi B.
Maroc ibaye igihugu kigira kabiri co muri Afrika gitsinzwe incuro zibiri inyuma y’igihugu ca Misiri catsinzwe n’Uburusiya ibitsindo 3 kuri 1mu rukino rugira kabiri ku musi wa kabiri.
Amahirwe y’ivyo bihugu vyompi y’ukwunguruza mu ncuro ikwirikira akaba asa n’ayarangiye.
Facebook Forum