Igihugu ca Mali cavuze kuri uyu wa kabiri ko bamwe mu basirikare baco bagize uruhara rukomeye mu bwicanyi inyuma y’aho hagaragariye imva zahambwemwo abantu benshi mu ntara yo hagati mu gihugu yamamwo gutana mu mitwe hagati y’abajejwe umutekano hamwe n’intagondwa z’abayisilamu.
Itangazo ryashikirijwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ryakurikiwe n’amakuru yashikirijwe n’ibimenyeshamakuru ko ibiziga 25 vyatowe mu kinogo kimwe, inyuma y’aho abasirikare bakurikiranye intagondwa z’Abayisilamu mu ntara yo hagati muri Mali.
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yagiriza abasirikare ba Mali ubwicanyi ndengera butungane, kunyuruza abantu, kuboreza igufa no guhagarika abikekwa kuba bashigikiye imihari y’intagondwa za Kiyisilamu.
Ico gihugu co mu burengero bwa Afrika kiri mu ruhagarara kuva aho abarwanyi b’aba Tuareg hamwe n’intagondwa z’Abayisilamu bafatiye igice co mu buraruko bw’igihugu mu mwaka w’2012, bituma abasirikare b’Ubufaransa bagenda gufasha kubirukana mu mwaka wakurikiye.
Mugihe ubwicanyi bwiyongera mur’ico gihugu, hari amakenga nimba Mali kizotunganya amatora ategekanijwe mu mpera z’uku kwezi, aho Perezida Ibrahim Boubacar Keita arondera guhiganirwa gutwara ikiringo ca kabiri.
Facebook Forum