Uko wahagera

USA Yavuye mu Nama ya ONU y'Agateka ka Muntu


Ambasaderi w'Amerika muri ONUNikki Haley asohotse inyuma yo gushikiriza ijambo mu kanama kajejwe agateka ka muntu i Geneve, Mu Busuwisi, Itariki 6/06/2017.
Ambasaderi w'Amerika muri ONUNikki Haley asohotse inyuma yo gushikiriza ijambo mu kanama kajejwe agateka ka muntu i Geneve, Mu Busuwisi, Itariki 6/06/2017.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cavuye mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu, mu kuvuga ko iyo nama ifise aho ihengamiye muri poritike, na cane cane ku kibazo ca Isirayeli.

Nikki Haley, Ambasaderi w’Amerika muri ONU yavuze ati: "Dufashe iyi ntambuko kuko ivyo twemera bitatwemerera kuba mu murwi w’uburyarya kandi wikunda ugakoresha uburyarya wishimikije agateka ka muntu.”

Haley yagiriza ako kanama ko kamye kanka Isirayeli kandi gashigikiye ibihugu bihohotera ubuzima bwa kiremwa muntu nka Venezuela, Cuba, Ubushinwa na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, bisanzwe biri mur’ako kanama.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres arashima ko iyo nama yakoze ibishimwa mu guharanira agateka ka muntu kandi asaba Reta zunze ubumwe z’Amerika kwisubirako ikaguma mur'iyo nama.

Mwomenya ko inama ya ONU ijejwe agateka ka muntu yashinzwe mu mwaka w’2006, ariko Reta zunze ubumwe z’Amerika zayinjiyemwo inyuma y’imyaka itatu ishinzwe.

Iyi ngingo ije mugihe Reta zunze ubumwe z’Amerika ziriko ziranebagurwa n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka muntu ku ngingo ya reta imaze gutandukanya abana barenga ibihumbi bibiri ku bavyeyi babo ku rubibe rwo mu bumanuko kw’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG