Uko wahagera

USA: Abatambukanyi b'Abahoze Batwara USA Baranegura Gutandukanya Abana ku Bavyeyi


Laura Bush na Michelle Obama
Laura Bush na Michelle Obama

Batatu bahoze ari abatambukanyi b’abaperezida ba Reta zunze ubumwe z’Amerika baramirira kure poritike iteye amahane yo gutandukana abana ku bavyeyi babo binjiye muri Amerika baciye ku rubibe mu buryo butemewe n’amategeko.

Laura Bush, umutambukanyi wa Bush ku musi w’Imana yavuze ko iyo ngingo yo gutandukanya abana ari ikintu kibi cane kandi camubabaje umutima.

Michelle Obama, umutambukanyi wa Barack Obama mu butumwa bugufi bwa Twitter yunganiye Bush kuri uyu wa mbere mu kuvuga ko “Ukuri kurengeye inyungu z’umugambwe."

Nawe Hillary Clinton, umukandida mu matora yo muri 2016 yatangaje kuri uyu wa mbere ko ibiriko birabera ku rubibe rwo mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika ari akamaramaza ku kiremwa muntu kandi ko ibiriko bishikira imiryango bibabaje.

Abana bakiri bato bashika ku bihumbi bibiri baramaze gutandukanywa n’imiryango yabo mu kiringo c’indwi zitandatu zarangiranye n’ukwezi kwa gatanu, nkuko abategetsi bo mu ntwaro bavyemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG