Uko wahagera

USA: Abana b'Abimukira Baca ku Mbibe Bagiye kuba Abande?


Umukuru w'inama nshingamateka Paul Ryan, yishura ibibazo vy'abamenyeshamakurumu nama ku bibazo vy'abimukira i Washington, itariki 13/06/2018.
Umukuru w'inama nshingamateka Paul Ryan, yishura ibibazo vy'abamenyeshamakurumu nama ku bibazo vy'abimukira i Washington, itariki 13/06/2018.

Mugihe abantu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bariko bihereza amabarabara biyamiriza gutandukanya abana b’abimukira ku bavyeyi binjiye ku mbibe mu buryo buteye kubiri n’amategeko, abashingamateka bo mu mugambwe w’Abarepublikani bariko barategura integuro y’itegeko rihagarika gutandukanya imiryango.

Iyo nteguro y’itegeko yateguwe n’umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan, itegeka ko abana binjira baciye ku mbibe n’abavyeyi, basubizwa abavyeyi babo, bakagumana aho bazoba bapfungiwe.

Ryan yavuze ko adashigikiye gutandukanya imiryango itagira ivyangombwa ku mbibe z’Amerika.

Aho ni mugihe ubutegetsi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika butegekanya kwongera kwugurura amahema yo kwakira abana b’abimukira batandukanijwe n'abavyeyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG