Uko wahagera

Pompeo: Koreya ya Ruguru Yoba Yarangije Gusambura Ibirwanisho vya Nikleyeli muri 2021


Mike Pompeo sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, asobanurira ivyavuye mu mubonano wa Trump na Kim, Seoul, Koreya y'Epfo, itariki 14/06/2018.
Mike Pompeo sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, asobanurira ivyavuye mu mubonano wa Trump na Kim, Seoul, Koreya y'Epfo, itariki 14/06/2018.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yizigiye ko mu myaka ibiri n’igice iri imbere, Koreya ya Ruguru kizoba casambuye ibirwanisho ruhonyanganda vyose gifise. Ivyo vyashikirijwe na Sekreteri wa Reta w’Amerika, Mike Pompeo ku musi wa gatatu, umusi umwe inyuma y’aho Perezida Donald Trump atereye umukono ku masezerano yemeranije n’umutegetsi wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un agamije kurangiza porogaramu ya Pyongyang y’ibirwanisho vya Nikleyeli.

Uwo mu diplomate mukuru w’Amerika, inyuma yo gusigurira abategetsi ba Koreya y’epfo i Seoul ivyavuye muri uyo mubonano wabereye muri Singapore, yavuze ko Reta zunze ubumwe z’Amerika ikeneye ko Koreya ya Ruguru yoba yaheraheje gusambura ivyo birwanisho mu mpera z’ikiringo ca mbere ca Trump ku butegetsi mu kwezi kwa mbere 2021.

Abanyamerika bavuga ko ayo masezerano adasobanura neza ido n’ido ibiyarimwo kandi ko Trump yemereye vyinshi Kim, harimwo n'uko Amerika izohagarika imyimenyerezo ya gisirikare yama igirana na Koreya y’epfo, imyimenyerezo yamye ishavuza Koreya ya Ruguru.

Abashingamateka b'Amerika batari bake bamenyesheje ko bashigikiye uwo mubonano, ariko bavuga ko batumva ko Trump yovuga ko Koreya ya Ruguru atabwoba igiteye Amerika.

Pompeo yavuze ko Trump ashobora kuzokwisubirako, Abanyamerika bagasubira imyimenyerezo ya gisirikare mugihe Koreya ya Ruguru yohagarika kuganira n’umutima mwiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG