Uko wahagera

ONU mu Nama Yihuta kuri Yemeni


Inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano ikoranye, New York, USA
Inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano ikoranye, New York, USA

Inama ya ONU ijejwe umutekano itegekanya gukorana vyihuta kuri uyu wa kane yige ku biriko bibera muri Yemeni, aho inteko mvamakungu zirongowe na Arabiya Sawudite ziriko ziragaba ibitero ku gisagara ca Hodeida kirimwo abarwanya ubutegetsi.

Ubwongereza bwatumyeko iyo nama, inyuma y’aho umwe mu badiplomate babwo, Martin Griffiths, intumwa idasanzwe ya ONU muri Yemeni, asabiye impande zose guhagarika intambara bakagira utwigoro twa poritike kugira ico gisagara ca Hodida kironke agahengwe.

Indege za Arabiya Sawudite hamwe n’ubwato bw’intambara vyatanguye gutera ibirindiro vy’abarwanya reta mu gatondo ka kare ku musi wa gatatu, inyuma y’aho Abarobeli bankiye kwubahiriza ikiringo bahawe na Arabiya Sawudite co gusubiza ico gisagara gifise ikivuko gikomeye.

Abarobeli b’Aba Houti bafashwe mu mugongo na Irani nibo bagenzura igisagara ca Hodeida, umurwa mukuru Sana hamwe n’ibindi bice bikomeye bibamwo abantu benshi mur’ico gihugu.

Iyo ntambara imaze guhitana ubuzima bw’abanyagihugu barenga ibihumbi cumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG