Uko wahagera

Bemba Yoba Agiye Kwidegemvya


Jean-Pierre Bemba yahoze ari icegera ca Perezida muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo muri CPI, i La Haye, itariki 8/06/2018.
Jean-Pierre Bemba yahoze ari icegera ca Perezida muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo muri CPI, i La Haye, itariki 8/06/2018.

Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, mu mpfunyapfunyo, bazofata ejo ku musi wa gatatu ingingo yabo kw’irekurwa rishobora kuba rya Jean-Pierre Bemba, yahoze ari icegera ca prezida muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Bemba, yambitswe izera mu vyatangaje abantu batari bake ku vyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu.

Inyuma yuko dosiye yiwe yumvirijwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ifise icicaro i La Haye, umucamanza, Bertram Schmitt yatangaje, uno musi ku wa kabiri, ko abacamanza bazoshikiriza ingingo ku bijanye n’ukubandanya kugumiza mu munyororo Bemba ejo ku musi wa gatatu.

Naho Bemba yambitswe izera, ntiyarekuwe kubera yagiwe n’icaha ku yindi dosiye ikiriko irihwezwa.

Mu gutangaza iyo ngingo ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, igisata cungururizwamwo imanza ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i la Haye camenyesheje ko ata vyemezo vyatanzwe ko yoba yakwirikiranye ari kure uburyo abarwanyi biwe bo mu murwi MLC bigenjeje mu gihugu ca Centrafrika.

Jean-Pierre Bemba amaze imyaka cumi apfunzwe inyuma yuko aciriwe umunyororo w’imyaka 18 mu mwaka w’i 2016.

Ukwambikwa izera kwa Bemba, kubaye mu gihe umwuka mubi utera wiyongera muri Kongo, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi ka kabiri muri uyu mwaka w’i 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG