Umunyororo w’impaga w’imyaka itanu, ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana abiri no guhagarikwa mu kazi imyaka 20, nico gihano cakatiwe abacamanza 2 ba sentare y’intango ya Cankuzo.
Urwo rubanza baruciriwe mu ntahe y‘ikibiraho na sentare nkuru ya Gitega kuri uyu w’imana inyuma y’aho bafatiwe itariki 6 za kuno kwezi.
Nestor Kayobera umuyobozi ajejwe itunganywa ry’imanza mu bushikiranganji bw’ubutungane, yari yaje gukurikirana urwo rubanza arashimishwa n’urwaciwe, akanagabisha abacamanza bigenza nabi.
Umumenyeshamakuru Fidele d'Antoine, Ijwi rya Amerika:
Facebook Forum