Uko wahagera

CPI Yejeje Bemba Bimwe mu Vyaha Yagirizwa


Jean Pierre Bemba
Jean Pierre Bemba

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yejeje uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Jean Pierre Bemba yari yaciriwe umunyororo w’imyaka 18, ku vyaha vyo mu ntambara no guhohotera agateka kazina muntu yakoreye muri Centrafrika.

Abacamanza b’iyo sentare, bafashe ingingo, ata n’umwe avuyemwo ko Bemba akurwako ivyaha vyo mu ntambara n’ivyo guhohotera agateka ka muntu.

Ariko iyo sentare yongeye ifata ingingo yo kumugumiza mu munyororo ku kindi caha yagirizwa co guhungabanya ibikorwa vyo mu bucamanza, mu kurindira ingingo izofatwa mu nyuma.

Uwo yahoze ari umurwizatunga mu nyuma aba umukuru w’umuhari w’abarwanyi, yaciriwe ubwa mbere igifungo c’imyaka 18 ku vyaha vyoakozwe n’umuhari w’abarwanyi yari arongoye, MLC, hagati y’ukwezi kwa cumi umwaka w’2002 n’ukwezi kwa gatatu 2003

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG