Uko wahagera

Trump Yiteguriye Guhangana n'Ibindi Bihugu vya G7 muri Canada


Perezida Donald Trump ku biro vyiwe vya White House
Perezida Donald Trump ku biro vyiwe vya White House

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump, ntazohindura aho ahagaze mu nama y’umurwi G7 w’ibihugu indwi vy’ibihangange kw’isi izoba ejo ku musi wa gatanu no ku musi wa gatandatu mu gisagara ca Charlevoix, mu gihugu ca Canada.

Ivyo naho hari ibinebaguro vy’ibihugu bicuditse n'Amerika ku migambi ya Prezida Trump, ku bijanye n’ubudandaji. Ivyo vyatangajwe n’umwe mu bahanuzi biwe bakomeye mu vyerekeye ubutunzi uno musi ku wa kane, Larry Kudlow. Kudlow yavuze ko ibibazo vyama vyibonekeza hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu bigize umurwi G7.

Yatangaje ata ata kibazo ivyo bibazo vyose bikomeye cane biteye Prezida Trump.

Ivyo bibaye gatoyi inyuma yuko umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Canada, Justin Trudeau, azokwakira inama y’umurwi G7, mu gisagara ca Charlevoix, na Chanceliere w’Ubudagi, Angela Markel, batangaje ko babona ko ibiganiro vy’ejo ku musi wa gatanu no ku musi wa gatandatu vy’umurwi G7 bitazoba vyoroshe.

Umuhanuzi akomeye wa Prezida Trump mu vyerekeye ubutunzi, Larry Kadlow, yatangaje ko uburyo ubutunzi butunganijwe mu makungu ari akajagari.

Yatangaje ko abantu batokwagiriza Trump ku kugene ubwo butunzi bwifashe. Avuga ko ah’ubwo bokwagiriza ibihugu bitubahiriza amategeko mpuzamakungu ku bijanye n’ubwo budandaji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG